Uko wahagera

Abikekwa mu Gitero ca Barcelone Bamaze Gufatwa


Rusehabaniha ahabereye igitero mu gisagaraca Bercelona
Rusehabaniha ahabereye igitero mu gisagaraca Bercelona

Igipolisi mu gisagara ca Barcelone, mu gihugu ca Esipanye gitangaza, ko cahagaritse abantu babiri bikekwa mu gitero c’iterabwoba cabaye ku musi wakane.

Umuntu yari atwaye imodoka yo mu bwoko bw’ivani yayiroshe mu bantu mu gisagara ca Barcelone muri Esipanye. Abantu 13 bahasize ubuzima mu gihe abandi batari bake bakomeretse.

Umutegetsi ajejwe intwaro yo hagati mu ntara ya Catalonia, Joaquim Forn yameje ku rubuga Twitter urupfu rw’abo bantu cumi na batatu n’abantu mirongo umunani canke barenga bakomeretse.

Ibiro vya perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Donald Trump batangaza ko yaciriwe ku mayange ku kuntu ibintu vyifashe mu gisagara ca Barcelone. Perezida Trump ari mu karuhuko muri Reta ya New Jersey.

Perezida Trump yariyamirije igitero co mu gisagaraca Barcelone mu butumwa yandite ku rubuga Twitter ku musi wa kane. Yatangaje ko Amerika izokora ibikenewe vyose kugira ifashe.

Ibarabara ico gitero cabereyeko ryitwa, Las Ramblas Boulevard, ni rimwe mu mabarabara kenshi aba yuzuye ingenzi n’abadandaza mu mabarabara

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG