Uko wahagera

Amerika na Koreya y'epfo Bigiye Gutangura Imyimenyerezo ya Gisirikare


Imyimeneyerezo ys gisirikare ya Amerika na Koreya y'epfo
Imyimeneyerezo ys gisirikare ya Amerika na Koreya y'epfo

General mukuru mugisirikare ca reta zunze ubumwe za amerika avuga ko Amerika na Korea y’Epfo bagiye gutangura imyimenyerezo ya gisirikare mu ndwi iza. Aho ni mugihe bari baremerewe n’igihugu c’Ubushinwa na Koreya ya Ruguru guhagarika ivyo bikogwa bagira buri mwaka.

Uwo mutegetsi mugisirikare ca Amerika ari I Beijing mubushinwa ku bonana na prezida Xi Jingping kukibazo ca korera ya Ruguru. General Joseph Dunford umukuru w’akanama mpanuza jambo k’abasirikare mubiro vy’umukuru w’igihugu, yatanganje kuri uno musi wa kabiri ko Amerika ata mugambi ifise wo guhagarika ibikogwa vya gisirikare isanzwe igirana na Korea y’Epfo naho bidashimisha ubushinwa na Korea ya Ruguru.

Mugihe Korea ya Ruguru itarerekana ko igihe guhagarika inyifato yayo muri aka kanya, aho babandanya guhingura ibigwanisho ruhonyanganda vya Nuclear n’ivya Misile zibangamiye umutekano w’Ubuyapani, Koreya, Amerika mbere n’Ubushinwa, avuga ko atohanura prezida Trump guhagarika ivyo bikogwa.

Uwo mu Generale mukuru amenyesha ko prezida Trump yabasavye kugira imyimenyerezo n’integuro zitandukanye za gisirikare. Ati rero ivyo nivyo bariko barakorerako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG