Uko wahagera

Prezida Trump Arashima Ingingo ya Kim Jong Un


Prezida Donald Trump wa Amerika (i buryo), na Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru (i bubamfu)/

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko ingingo yafashwe na Kim Jong Un aramutswa Koreya ya Ruguru ar’ingino nziza kandi y’ubwitonzi. Ni mu gihe Kim Jong Un avuga ko yahagaritse ibitero vya misile vyari bimaze iminsi bigana k’ubutaka bwa Guam, buri k’umugabane wa Amerika.

M’urwandiko yacishije kuri Twitter, Prezida Trump yavuze ko ivyari gukurikira vyar’agahomerabunwa kandi bitey’ubwoba. Mike Pence, Icegera ca Prezida Trump yari yahamagariye Prezida Michelle Bachelet wa Chili, co kimwe n’ibindi bihugu biri k’umugabane wa Amerika, bikoresha ururimi rw’ikilatino, guhagarika imigenderanire ya politike n’urudandaza bafitaniye na Koreya ya Ruguru.

Kur’uyu wa kabiri, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubushinwa n’ayandi makungu, Wang Yi, yari yasavye mugenzi we w’Uburusiya, Sergei Lavrov, ko bokorana kugira bahagarike uruhagarara rumaze iminsi hagati ya Amerika na Koreya ya Ruguru.

Abo bashikiranganji ukw’ari babiri bakavuga ko inguvu za gisirikare zidakwiye gukoreshwa, ko nyabuna urwo ruhagarara rutegerezwa gukurwaho no kuganira biciye mu mahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG