Uko wahagera

Abiyahuzi Barishe 28 muri Nijeriya


Ikambi y'abateshejwe izabo i Maiduguri, muri Nijeriya
Ikambi y'abateshejwe izabo i Maiduguri, muri Nijeriya

Abagore batatu bari bambariyeko bombe bariyahuye kur’uyu wa kabiri ku birometero 25 uvuye mu gisagara ca Maiduguri, umurwa mukuru w’intara ya Borno, iri m’uburaruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya bahitana abantu 28 abandi 80 barakomereka.

Baba Kura, umwe mu banyagihugu bagiye hamwe mu kurwanya Boko Haram yavuze ko abo bagore biturikirijeko ivyo bisasu ku rwinjiriro rw’ikambi y’abateshejwe izabo iri ahitwa Mandarari.

Igisagara ca Mandarari kiri ku birometero bike uva mu ntara ya Borno, kandi caheruka kubamwo ibitero vy’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.

Hari haheze indwi zibiri, abantu batatu bakora urudandazwa rw’ibiti batemaguwe n’abarwanyi ba Boko Haram hafi y’aho nyene, babagiriza gusumira urusaku inzego zijejwe umutekano za Nijeriya.

Intambara ya Boko Haram, ibonwa ko ariyo ihitana benshi mu karere k’ikiyaga ca Chad imaze guhitana abarenga ibihumbi 20 hamwe n’imiliyoni 2,6 bakuwe mu vyabo kuva Boko Haram itangura gufata ibirwanisho m’umwaka w’2009

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG