Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Ikomeje Gutera Ubwoba kuri za Misile


Umushikiranganji mukuru w’Ubuyapani Shinzo Abe amenyesha ko we na mugenzi wiwe Donald Trump bumvikanye ko bagiye guhagurukira bagafata nka nkama, umugambi wa Koreya yo muburaruko wo kugira igitero ca misile kuri Amerika.

Abe na Trump bavyumvikanye mu kiganiro bagiranye kuri telefone kuri uno musi wa kabiri. Ivyo vyatangajwe n’uwo mugetegetsi w’Ubuyapani mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru I Tokyo.

Ivyo bibaye inyuma yaho Kim Jong Un umukuru w’igihugu ca Koreya yo mu buraruko atangarije ko agiye kugira igitero c’ama missile mu nyanja ya Pacifique irimwo izinga rya Amerika ryitwa Guam.

Kuri uno musi wa kabir ikinyamakuru ca reta ya Korea y’uburaruko KCNA catangaje ko prezida w’ico gihugu yahawe amakuru n’igisirikare ciwe ku myiteguro yabo yo gutera iryo zinga rya Amerika ririko amakambi ya gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG