Uko wahagera

Ikibazo c'Amatara Agenga Uruja n’Uruza mu Mabarabara mu Burundi


Freddy Mbonimpa, umukuru w'igisagara ca Bujumbura
Freddy Mbonimpa, umukuru w'igisagara ca Bujumbura

Mu bisanzwe ibibanza birimwo amatara agenga uruja n’uruza nta ruvangatirane rw’amafirimbi y’abapolisi barekura canke bahagarika imodoka , amapikipiki n’amakinga n’amahoni umuntu yumva.

Ariko mu gisagra ca Bujumbura mu masanganzira amaze kujamwo bene ayo matara ibintu niko vyifashe.

Biterwa n’uko ayo matara arekurira icarimwe imodoka iva ruguru n’epfo hakaba akajagri mw’ihuriro ry’amasanganzira canke naho ayo ku ruhande rumwe agateba rwose kwerekana ikimenyetso giha abashoferi uburenganzira bwo kubandanya.

Nko ku masanganzira ari i ruhande y’ikibanza citiriwe ukukwikukira, imodoka ikunze kwisanga yose hagati mw’ihuriro ry’ama barabara ane. Amwe mu matara yatsa hafi umunota ibara ritukura ribuza abashoferi kubandanya mu gihe ku rundi ruhande iryo bara riboneka mu kiringo c’imiseconda 42.

Muri urwo rutonde nyene amatara y’urwatsi rubisi arekura abagenda n’amaguru kurengana yaka imisegonda iri hagati ya 14 na 15 ahandi ikaba 30.

Ibi bituma abatari bake batubaha ayo matara bakabandanya ukuri kwamye mu gihe batabirekuriwe.

Icibagiwe n’imodoka z’abajejwe umutekano n’abategetsi kuko nka zose umenga ntizerekewe n’ivyo bimenyetso.

Freddy Mbonimpa umkuru w’igisagara ca Bujumbura yabwiye Ijwi ry’Amerika ko kuri ibi bibazo vyose vuba hagiye gukorwa inama y’abo vyega kugira barabe uko vyotorerwa umuti.

Amatara agenga uruja n’uruza mu ma barabara mu Burundi yaheruka kubaho mu mwaka w’I 1999.

Yamaze igihe gito rwose kuko yaciye agongwa ayasigaye arapfa ntiyasubirizwa.

Eloge Willy Kaneza, Bujumbura, Ijwi ry’Amerika.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:51 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG