Uko wahagera

Burkina Faso: Igitero Cahitanye Abantu 17


Ahabereye igitero k'umurwa mukuru wa Burkina Faso, i Ouagadagou.
Ahabereye igitero k'umurwa mukuru wa Burkina Faso, i Ouagadagou.

Mu Gihugu ca Burkina Faso, habaye igitero cabereye k’umurwa mukuru w’ico gihugu, I Ouagadagou, gihitana abantu cumi n'indwi, n’abandi umunani bakomeretse.

Umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru, Remi Dandjinou, yatangaje kur’uyu wa mbere ko co gitero cabaye ejo k’umunsi w’Imana. Gushik’ubu akaba ata murwi wari bwaciyitirire.

Igitero nk’ico muri Burukina Faso caheruka m’ukwezi kwa mbere kw’umwaka uheze, kikaba cari cabereye mw’ihoteri iri k’umurwa mukuru I Ouagadagou, gihitana abantu bashika kuri mirongo itatu. Umuhari al-Qaida ukaba waraciyitiriye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG