Uko wahagera

Somaliya: Umurwanyi Akomeye Robow Yishikanye k'Ubutegetsi


Muktar Robow, umurwanyi yahoze ar'umutegetsi m'umuhari w'iterabwoba al-Shabab.
Muktar Robow, umurwanyi yahoze ar'umutegetsi m'umuhari w'iterabwoba al-Shabab.

Muri Somaliya, umurwanyi akomeye yahoze ar’umutegetsi m’umuhari w’iterabwoba al-Shabab, yishikanye k’ubutegetsi bwa Somaliya, mu gitondo co kur’uyu w’Imana. Mukhtar Robow Ali, azwi kw’izina rya Abu Mansour, yabonanye n’abategetsi ba Somaliya mu gisagara ca Abal, m’ubumanuko bushira uburengero bwa Somaliya, aho yari yinyegeje.

Robow yarafise abarwanyi bashika ku majana ane. Umutegetsi w’igisirikare ca Somaliya mur’ako karere akavuga ko yarakomeye kandi ko atar’umuntu yirukanywe n’umuhari al-Shabab. Amenyesha kandi ko bazogirana ibiganiro nawe, bivuye ko gukorana nawe ar’inguvu zikomeye mu gikorwa co kurwanya umuhari al-Shabab.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yari yemeye guha Robow amafaranga angana n’imiliyoni zitanu z’amadolari, kugira ave m’umuhari al-Shabab. Yamara Amerika yahavuye ihagarika uwo mugambi. M’umwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kabiri akaba yaciye ashirwa k’urutonde rw’abiyahuzi.

Robow Ali yahoze ar’umuvugizi wa al-Shabab, yongera aba n’umukuru w’abarwanyi b’uwo muhari.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG