Mu gisagara ca Kibera, k’umurwa mukuru wa Nairobi, muri Kenya, habaye ikoraniro kur’uyu w’Imana, ryatunganijwe na Raila Odinga, atavuga rumwe n’ubutegetsi, aheruka gutsindwa mu matora y’Umukuru w’Igihugu na Prezida Uhuru Kenyatta.
Odinga yabwiye abanyagihugu bari bamwitabiye, baharugwa ku gihumbi, ko yazanywe no kubahoza ku bwicanyi bwahitanye abari mu myiyerekano yabaye inyuma y’aho ivyavuye mu matora bitangarijwe. Odinga avuga ko abo bahiganywe bivye amatora bakongera bakaza kwica abantu babo, ivyo akavuga ko ar’ukudahana.
Ivyo birego umuvugizi wa Prezida Kenyatta, Manoah Esipisu avyamirira kure, akavuga ko intsinzi ya Prezida Kenyatta yemejwe n’abakurikiranye amatora, baba abo mu gihugu canke abanyamahanga.
Umurwi ujejwe agateka ka zina muntu muri Kenya waratangaje kur’uyu wa gatandatu ko abantu mirongo ibiri na bane basize ubuzima mu ntureka zakurikiye amatora, bahitanywe n’amasasu yamijwe n’abapolisi mu makaritiye y’abanyagihugu batobato muri Kenya. Ishirahamwe rijejwe gutabara imbabare, Croix Rouge, naryo ritanga igitigiri c’abantu bashika kw’ijana na cumi n'indwi bakomeretse kuva umunsi w’amatora.
Facebook Forum