Mu Burundi hariko habera inkino z'amahoro no kunywanisha zihuza urwaruka rwo mu bihugu vyo mu karere k'ibiyaga binini kuva kuri uyu wa gatandatu taliki 12 y’ukwezi kwa 8 gushika kuri uyu w'Imana.
Izo nkino zatunganijwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ryigisha amahoro n'imishikirano ribicishije mu nkino "Peace and Sport" riri i Monaco mu gihugu c’Ubufaransa. Abari guserukira igihugu c'u Rwanda muri izo nkino ntibitavye.
Laurent Dupont atwara" Peace and Sport" avuga ko bibabaje kubona imigenderanire mibi hagati y'ama Leta igira ingaruka mbi ku banyagihugu.
Abana bagera kuri 200 nibo bitabiriye izo nkino ziriko zibera mu bigo vy’ishure ryisumbuye “Lycee Schepers”ry’abafurera riri muri zone ya Nyakabiga hagati mu gisagara ca Bujumbura.
Abahahuriye baturuka mu ntara zitandukanye z’Uburundi hakiyongerako abaje bava muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo.
I ruhande yo kuganira, abo bana barigishwa bakongera bagakina inkino zitandukanye.
Laurent Dupont, umuyobozi mukuru wa “Peace and Sport” yasiguye ko ari akaryo keza k’urwaruka n’abantu bose bo mu bihugu vy’Uburundi, Congo n’u Rwanda ko kuganira no gusubiza hamwe.
Ni inkuru y’Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika uri i Bujumbura mu Burundi, Eloge Willy Kaneza.
Facebook Forum