Uko wahagera

Trump Arabandanya Kugabisha Koreya ya Ruguru


North Korea Nuclear
North Korea Nuclear

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yasubiye kugabisha igihugu ca Koreya ya ruguru, mu kuvuga kw’ igisirikare c’Amerika citeguye kwishura hamwe Koreya ya ruguru yosomborotsa ingwano na Amerika.

Trump avuga kw’inyishu za gisirikare zategekanijwe hamwe Koreya ya ruguru yokwihenda igasomborotsa Amerika. Ivyo Perezida Trump yabitangaje kur’uyu musi ku wa gatanu, abicishije ku rubuga Twitter.

Trump avuga ko yizeye kw’ umutegetsi wa Koreya ya ruguru azofata iyindi nzira atari iy’agasomborotso.

Ivyatangajwe na Perezida Trump bibaye amasaha makeyi inyuma y’aho Ubushinwa butangarije ko butazoshigikira Koreya ya ruguru hamwe ico gihugu cogira ibitero ubwa mbere ku butaka bw’Amerika, maze Amerika igaca yivuna ivyo bitero.

Ku musi wa kane, Prezida Trump yarabandanije gukoresha amajambo akomeye ajanye n’uguhangana na Koreya ya ruguru. Yavuze ko hamwe Koreya ya ruguru yosotora ubwa mbere Amerika, kw’ico gihugu kizoca gishikirwa n’ibintu kitari bwabone.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG