Uko wahagera

Abanyakenya Baracarindiriye Itangazwa ry'Uwatsinze


Abanyakenya bararindiye, uno musi ku wa gatanu, itangazwa ry’uwatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ku musi wa kabiri.

Ivyavuye mu matora vy’agateganyo vyashikirijwe gushika ubu n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, vyerekanya ko Perezida Uhuru Kenyatta ari imbere y’uwo bahiganwa Raila Odinga, akaba amurusha n’amanuta icenda.

Abatavuga rumwe bariyamiriza ivyavuye mu matora mu kuvuga kw’amatora yabeyemwo ubusuma.

Abatavuga rumwe na Reta bavuga kw’ibiharuro vyabo vyerekana ko Odinga yatsinze Kenyatta n’amajwi arenga ibihumbi amajana atandatu.

Basaba umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora, Wafula Chebukati gutangaza ko Raila Odinga ariwe yatsinze amatora.

Ejo ku musi wa kane, abagenduje amatora y’umukuru w’igihugu muri Kenya b’abanyamahanga barasavye Abanyakenya kuguma batekanye mu kurindira itangazwa icese ry’ivyavuye mu matora.

Mu gihe umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora uriko uheraheza igikorwa cawo, igihugu kibandanya kurindira itangazwa icese ry’ivyavuye mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG