Uko wahagera

Sudani y'Epfo Isabwa Gukemura Ibibazo Biciye mu Mahoro


Prezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko
Prezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubudagi n’ayandi makungu, Sigmar Gabriel, yabonanye na Prezida Salva Kiir wa Sudani y’Ubumanuko hamwe n’abandi baserukiye Reta irongowe na Prezida Kiir, k’umurwa mukuru w’ico gihugu, I Juba, kur’uyu wa kane.

Uwo mubonano wabaye inyuma y’umunsi umwe Gabriel avuye mu Gihugu c’Ubuganda, aho yabonanye na bamwe mu mpunzi z’abanyesudani y’Ubumanuko bar’aho m’Ubuganda. Gabriel yasavye abategetsi ba Sudani y’Ubumanuko ko botora umuti w’ibibazo barimwo biciye mu mahoro. Avuga ko impande zompi zategerezwa gutumirwa mu twigoro turiko turakorwa mu bijanye no kugarukana amahoro n’umutekano aho muri Sudani y’Ubumanuko.

Igihugu c’Ubudagi caratanze amafaranga angana n’imiliyoni mirongo icenda z’amadolari yo gufasha gukingira abanyagihugu, no kugarukana amahoro aho muri Sudani y’Ubumanuko. Ni mu gihe abashika ku miliyoni zine bataye izabo, bahunga intambara, bugarijwe n’ibibazo vy’inzara, ubukene n’indwara, harimwo ikiza ca korera cafashe abantu bashika ku bihumbi cumi n'umunani. Abashika ku majana atatu na mirongo ibiri n'umunani bakaba bamaze guhitanwa n’ico kiza ca korera mur’uyu mwaka turimwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG