Uko wahagera

Umuriro Wahombeje Abacuruzi i Muyinga


Ibicuruzwa bigizwe ahanini n’ibifungurwa hamwe n’ibindi bikoresho bifise agaciro gaharurwa mu miliyoni 200 vyaraye bihiye biratokombera mu gisagara ca Muyinga. Uwo muriro wadutse mu kibanza ciharijwe n’insyo.

Abahahishirije ivyabo bavuga ko uwo muriro waturutse ku muyagankuba wa REGIDESO. Buramatari w’intara ya Muyinga asaba abo abo bishobora kugarukira kuri abo bacuruzi.

Agahinda kari kose no ku basanzwe batunzwe n’ubuzi baronka buri musi muri ico kibanza.

Abasyera muri ico kibanza bagize ishirahamwe rirongowe n’uwitwa Ntawibagira Lili Shabani. Uyu avuga kw’ingaruka mbi z’iryo sanganya zimaze kutandukira n’ibindi bisata nk’ibohero n’amabanki.

Kuri ico kibanza twahahuriye na buramatari w’intara ya Muyinga Aline Manirabarusha. Uwo mukenyezi yaraje kuremesha abahagiriye ivyago. Yabwiye Ijwi ry’Amerika agaciro ngereranyo k’ivyahatikiriye.

Uwo mutware aratera akamo abagiraneza.

Mu gisata ca REGIDESO i Muyinga bavuga kw’ar’ukurindira ibizova mu matohoza. Aline Manirabarusha arongoye intara ya Muyinga avuga kw’ico kibazo agiye kugishira mu minwe y’abo cega.

Abahishirije ibicuruzwa vyabo mur’uwo muriro nta numwe yibutse kubishirisha mu mashirahamwe y’ubwishingizi.

Buramatari w’intara ya Muyinga asaba abacuruzi kwijukira gushira ibicuruzwa vyabo muri mwene ayo mashirahamwe kugira babikingize impanuka.

I Muyinga mu buraruko bushira ubuseruko bw’u Burundi, Jean Bosco Ndarurinze, Ijwi ry’Amerika:

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:44 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG