Uko wahagera

Odinga Avuga ko Amatora ya Kenya Yabayemo Ubusuma


Kur’uyu musi wa kane, umukuru w’ibiro vy’amatora muri Kenya yatangaje kw’amamashini nyabwonko y’amatora yatewe indwi imwe imbere y’uko amatora y’umukuru w’igihugu aba ku musi wa kabiri.

Ariko amenyesha kw’abo bantu bagerageje kudurumbanya ayo mamashini batashoboye gushika ku mugambi wabo wo kuziyovya kugira ngitizikore neza nk’uko vyari bitegekanijwe.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku murwa mukuru i Nairobi, Komiseri Wafula Chebukati yabwiye abamenyesha makuru ati: “ico gitero ku mamashine carageragejwe, ariko ntaco cashitseko”.

Naho bir’ uko, abanya Kenya barabandanya kurindira n’igishika cinshi ibiharuro vya nyuma vy’ayo matora. Aho n’inyuma y’aho hasohorewe amatangazo avuga kw’ayo matora yoba yarabayemwo amahinyu, hakaduka imyiyerekano yatumye abantu 6 bahasiga ubuzima.

Ku mugoroba w’ejo ku wa gatatu, ibiro vy’amatora muri Kenya vyaratanganje ko Perezida Uhuru Kenyatta yaronse amajwi angana na 54%; Raila Odinga bahiganywe nawe, akaronka amajwi angana na 44.8%. Odinga avuga ko kw’amatora yabayemwo ubusuma bukabije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG