Umurwi w’abaharanira agateka k’abimukira watangaje kur’uyu wa gatatu ko abasanzwe bakora urudandaza rwo kujabukana abantu bidaciye mu mategeko, bataye mu mazi abana b’abasore bashika kuri mirongo itanu, baturuka mu bihugu vya Etiyopiya na Somaliya.
Abakozi b’Ishirahamwe ryitaho abimukira bamenyesha ko batoye imva z’abo basore, mu gihe bari mu bikorwa vyo kugenzura ikiyaga, mu ntara ya Shabwa, iri m’ubumanuko bwa Yemeni. Abarokotse mur’abo basore, ari nabo bahamvye bagenzi babo, bavuga ko bashika kw’ijana na mirongo ibiri.
Abo barokotse bavuga ko abari babatwaye biketse ko bafashwe n’abategetsi, baca bategeka abo batwaye bose kuva mur’ubwo bwato.
Abakozi b’Ishirahamwe ryitaho abimukira bavuga ko abashika kuri mirongo itanu bapfiriye mu mazi. Bamenyesha kandi ko abashoboye gushika ku nkengera ari mirongo ibiri n'indwi, n’abandi mirongo ibiri na babiri batazwi irengero ryabo.
Iryo shirahamwe rivuga ko abo bana bafise imyaka cumi n'itandatu.
Facebook Forum