Uko wahagera

Amerika Yirukanye Abakozi 2 bo mu Biro vy'Uwuserikira Cuba


Departema ya Amerika yatangaje ko mu kwezi kwa gatanu yirukanye abakozi babiri bakorera mu biro vy’uwuserukira Igihugu ca Cuba hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, inyuma y’aho abanyamerika bakorera ibiro vy’uwuserukira Amerika muri Cuba babonetseko ibimenyetso bidasanzwe ku mibiri yabo.

Umwe mu bategetsi ba Amerika yavuze ko abajejwe amatohoza bariko barihweza nimba atari ibikoresho vyo gufata amajwi bashize iruhande y’amazu abo bakozi babamwo, ivyo ngo bikaba vyobatera kudasubira kwumva.

Umuvugizi wa Departema ya Amerika, Heather Nauert, kur’uyu wa gatatu, yavuze ko bataramenya icabiteye, avuga kandi ko badafata minenerwe ivyabaye.

Heather Nauert avuga ko Amerika yabonye ibimenyetso vya mbere m’umwaka uheze. Gushik’ubu abategetsi ba Cuba akaba ataco baravuga kur’ivyo vyagirizo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG