Uko wahagera

Ubushinwa Bwongerereje Ibikoresho vya Gisirikare muri Djibouti


Abasirikare b'Igihugu c'Ubushinwa mu birori vyo gutanguza ikibanza gishasha c'abasirikare mu gihugu ca Djibouti. Itariki ya mbere y'ukwezi kw'8, mu 2017
Abasirikare b'Igihugu c'Ubushinwa mu birori vyo gutanguza ikibanza gishasha c'abasirikare mu gihugu ca Djibouti. Itariki ya mbere y'ukwezi kw'8, mu 2017

Igisirikare c’Ubushinwa carongerereje ibikoresho vyaco mu gihugu ca Djibouti, kuva itariki ya mbere z’ukwezi kw’umunani, ahasanzwe hari abasirikare baco. Ababikurikiranira hafi bavuga ko Ubushinwa butarajwe ishinga no gukomeza igisirikare yamara kw’ar’uburyo bwo gukomeza ubutunzi bwaco.

Igihugu c’Ubushinwa catangaje ko ico kibanza kizokoreshwa mu gucishaho ibikoresho bija mw’izinga rya Edeni, ikiyaga gitukura, gufasha abantu hamwe n’ibikorwa vyo gufasha m’ukugarukana amahoro mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Amasanamu yerekanywe n’ibigendajuru, yabonetseko ikibanza kinini kiri m’ukuzimu, gishobora kuba kibitsemwo ibikoresho bishobora guhindura ibintu mur’ako karere.

Janet Eom, umushakashatsi mu karere k’Ubushinwa na Afrika, kw’ishure rya Johns Hopkins riri hano muri Amerika, avuga ko ivyo bikorwa bijanye n’umugambi watangajwe n’Ubushinwa mu bihumbi bibiri na cumi na gatatu, werekeye gukorana n’ibihugu bishika kuri mirongo itandatu n'umunani, biri k’umugabane wa Afrika, Aziya n’Uburayi. Eom akavuga ko ivyo bikoresho vya gisirikare bishobora kuba ar’intango, mu bijanye n’umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG