Uko wahagera

Amerika Ihanganye na Koreya ya Ruguru


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump yatangaje uno musi ku wa gatatu kw’ibirwanisho ruhonyanganda Amerika ifise muri iki bifise inguvu zikomeye cane kurusha mu bihe vy’imbere yaho. Ivyo ni mu gihe ariko aterana amajambo akomeye n’igihugu ca Koreya ya ruguru.

Mu vyo yashikirije ku rubuga, Twitter mu masaha ya kare yo mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu, Trump yatangaje kw’itegeko ryiwe rya mbere igihe yashikira ubutegetsi mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka kwari gukoresha ubuhinga bushasha ku birwanisho ruhonyanganda igihugu gifise.

Perezida Trump yasavye iyongerezwa ry’amafranga akoreshwa mu gisata c’ukwivuna abansi, harimwo ubushakashatsi n’ugukora ibirwanisho ruhonyanganda bishasha. Yamara inama nshingamateka na nkenguzamateka ntibiremeza umugambi werekeye amafranga azokoreshwa mu mwaka w’i 2018.

Ivyo Perezida Trump abitangaje umusi umwe inyuma yuko agabishije Koreya ya ruguru kw’ishobora kwibonerako hamwe yabandanya isomborotsa Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG