Uko wahagera

Igitero ku Basilikare b'Abafaransa muri Paris


Igipolisi c’Ubufransa carashe congera gihagarika umuntu yikekwa ko yiroshe n’imodoka mu murwi w’abasirikare baco uno musi ku wa gatatu akomeretsa basirikare batandatu. Aho ni mu gice kiri ku nkengera z’umurwa mukuru, Paris, Abategetsi b’Ubufransa batangaza kw’ico gitero cari categuwe.

Amakuru yatanzwe n’abantu batashatse kumenyekana bamenyesha k’uwikekwa muri ico gitero yafatiwe mu buraruko bwa Paris mu modoka yakoreshejwe mur’ico gitero.

Uwo muntu avurwa ko yariko agendesha imodoka igipolisi cariko kirondera, akaba yariko agerageza guhunga. Ivyo vyatumye igipolisi kimurasa.

Ico gitero cabaye mu gihe abasirikare bari bavuye mw’ikambi yabo ya’hitwa, “Levallois-Perret” bagiye kugenduza umutekano.

Ico gitero gikwirikiye ibitero bitari bike vy’abashigikiye Reta ya Kiyislamu ku basirikare n’abapolisi m'Ubufransa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG