Uko wahagera

Ibiharuro vy'Amatora Ntivyumvikanwaho muri Kenya


Kutumvikana ku matora birashobora guteza imvururu
Kutumvikana ku matora birashobora guteza imvururu

Muri Kenya, Raila Odinga, umunyepolitike atavuga rumwe na reta, yatangaje uno musi ku wa gatatu kw’abagizi ba nabi bafise ubuhinga mu vyerekeye ikoranabuhanga bijinye mu vyuma vya ordinateri vy’umurwi w’igihugu ujejwe amatora barasibanganya amakarata abantu batorerako.

Odinga amenyesha kw’ivyo vyatumye aba inyuma cane y’uwo bahiganwa, Perezida Uhuru Kenyatta.

Ikibanza ngurukanabumenyi c’urwego rw’igihugu rwigenga rujejwe amamtora muri Kenya, cerekanye ku mutaga w’uno musi ku wa gatatu kw’ibigera ku bice mirongo icenda na bine kw’ijana vy’amajwi amaze guharurwa. Perezida Kenyatta ari imbere ya Odinga n’ibice 54 kw’ijana ku bice 45 kw’ijana vy’amajwi.

Umukuru w’urwego rw’igihugu rwigenga rujejwe amatora, Wafula Chebukati yatangaje kw’adashobora kuvuga nimba ivyuma vya ordinateri vy’uwo murwi vyaratewe. Yamara yatangaje ko bazogira itohoza.

Rafael Tuju, umunyamabanga mukuru w’umugambwe wa Perezida Kenyatta, Jubelee Party, yariyamirije ivyagirizo vya Odinga mu kuvuga ko bitagira ishingiro

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG