Ibiro vya ONU vyitaho agateka ka zina muntu vyatangaje ko benshi mu bantu 125 baguye mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta mu gihugu ca Venezuela yamaze amezi ane, bishwe n’abajejwe umutekano, bakoresheje inguvu z’umurengera.
Ivyo biharuro vyisunze raport ya mbere y’ivyavuye mu matohoza, vyashikirijwe uyu musi ku wa kabiri. Iyo raporo ivuga kw’ abantu 46 bishwe n’abajejwe umutekano mu gihe imirwi yitwaje ibigwanisho ikorana na reta, yishe abantu 27.
Itohozwa ryakozwe rivuga ko gushika ubu, abishe abo bandi bantu bataramenyekana.
Umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe kwitaho agateka ka zina muntu, Zeid Ra’ad- Hussein yasohoye itangazo rivuga kw’abantu barenga 5000 bapfunzwe mu gihugu ca Venezuela ataco bagirizwa kuva uruhagarara rutanguye, mu gihe abandi 100, batawe mu mvuto.
Yavuze kandi kw’abapfunzwe bafashwe bunyamaswa kandi bama bakubaguwe, hakoreshejwe uburyo butandukanye burimwo gukubitwa, guturigwa hakoereshejwe umuyagankuba, gubuzwa impemu hakoreshejwe gaz, kugabishwa ko bashobora kwicwa, hamwe no kugabishwa ko bashobora gufatwa ku nguvu, bagakorerwa ivya mfura mbi.
Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe kwitaho agateka ka zina muntu, vyakuye ayo makuru mu biganiro, abakozi bavyo 135 bagiranye n’imiryango y’abo bantu, abamenyeshamakuru hamwe n’abantu bavyiboneye hagati yo mu kwezi kwa gatandatu no mu kwezi kw’indwi.
Facebook Forum