Uko wahagera

Ubushinwa Buragabisha Koreya ya Ruguru Kudasotora Amakungu


Abakuru b'Ibihugu, Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru, i buryo, na Xi Jinping w'Ubushinwa, i bubamfu.
Abakuru b'Ibihugu, Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru, i buryo, na Xi Jinping w'Ubushinwa, i bubamfu.

Igihugu c’Ubushinwa casatiriye Koreya ya Ruguru, kur’uyu w’Imana, kugira ngo ihagarike ibitero ikora vyo kugerageza za misile balistike. Ivyo vyatangajwe n’Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubushinwa n’ayandi makungu, Wang Yi, aho yavuze ko Koreya ya Ruguru idakwiye gusotora amakungu.

N’inyuma y’aho Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU risohoreye ibihano bishasha kuri Koreya ya Ruguru. Wang Yi yagabishije mugenzi we wa Koreya ya Ruguru, aho yari mu nama y’abashikiranganji bahurikiye mw’ishirahamwe rya Aziya y’ubumanuko bushira ubuseruko, yabereye I Manille, muri Philippines.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yatangaje ko ishima uburyo Ubushinwa bwashigikiye ibihano biheruka guhabwa Koreya ya Ruguru, yamara ivuga ko izokurikiranira hafi nimba koko Ubushinwa buzoshira mu ngiro ivyo bihano.

Prezida Donald Trump yatangaje abicishije k’urubuga rwiwe rwa Twitter, ko ashima kubona Ibihugu vy’Ubushinwa n’Uburusiya vyarifatikanije n’abandi mu kwemeza ivyo bihano. Akavuga ko bizogira ingaruka ikomeye k’ubutunzi bwa Koreya ya Ruguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG