Uko wahagera

Venezuela: Bamwe mu Basirikare Bakoze Igitero


Abategetsi mu gisirikare ca Venezuela bamenyesha ko bahagaritse vyihuta igitero cari kije kigana ikirindiro hagati mu gihugu, igitero Prezida Nicolas Maduro yise ko ari ic’abiyahuzi, cakozwe n’abarwanyi bahoze mu gisirikare. Babiri mur’abo barwanyi bahasize ubuzima.

Juan Caguaripano, umwe mu bategetsi mu gisirikare, yashize ividewo ku mbuga ngurukanabumenyi, aho yarakikijwe n’abasirikare, yemenga ko bagize umurwi w’abarwanyi kugira barwanye ico yise ubutegetsi bw’ubwicanyi bwa Prezida Maduro. Uwo musirikare yavuze kandi ko atar’igikorwa co gutembagaza intwaro, yamara ko ar’igikorwa cakozwe n’abasirikare mu ntumbero yo gutabara igihugu, n’ugusubiza ibintu m’uburyo.

Mu nyuma y’aho Prezida Maduro yaserutse kuri televiziyo, aho yatangaje ko babiri mu barwanyi bapfuye, n’abashika k'umunani bafashwe. Yamara ntacatangajwe kuri Juan Caguaripano.

Intureka aho muri Venezuela zariyongereye kuva mu ndwi iheze, aho Reta itangarije mu nama nshingamateka nshasha umugambi wayo wo guhindura ibwirizwa shingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG