Uko wahagera

Nijeriya: Igitero Cabereye mw'Isengero Cahitanye Abantu 11


Abategetsi muri Nijeriya batangaje ko abantu cumi n'umwe bapfiriye mu gitero cabereye mw’isengero ry'abakatolika, m’ubumanuko bushira ubuseruko bw’Igihugu, n'abashika kuri cumi n'umunani bakomeretse.

Mu ntango, abanyagihugu bavuga ko ico gitero cakozwe n’abagabo babiri baje bitwaje ibirwanisho. Yamara umukuru w’Igipolisi muri Reta ya Anambra, ahabereye ico gitero, yahavuye atangaza kw’ari igitero cakozwe n’umugabo umwe, yaje yitwaje inkoho, mur'iryo sengero St Philip, mu gitondo co kur’uyu w’Imana.

Buramatari wa Reta ya Anambra, Willie Obiano, yatangaje ko ico gitero cabaye bivuye ku mishamirano yadutse hagati y'abanyagihugu bo mur’ako karere, bari basanzwe baba hanze ya Nijeriya.

Gushik’ubu nta murwi numwe wiyitiriye ico gitero. Igipolisi catangaje ko kitibaza ko umuhari w'iterabwoba Boko Haram ushobora kuba ufise uruhara mur’ubwo bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG