Uko wahagera

ONU Yafatiye Ibihano Koreya ya Ruguru


Inama y'umutekano ya ONU, mu nama yo gufatira ibihano Koreya ya Ruguru

Abagize inama y’umutekano ya ONU batoye atawuvuyemwo itegeko ryateguwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, rihagarika Koreya ya Ruguru gusubira kuronka amafaranga angana n’umuriyaridi w’amadolari, ico gihugu gisanzwe gikoresha mu guhingura ibirwanisho vya misile balistique.

Ivyo bihano bije inyuma y’aho Koreya ya Ruguru ikoreye ibindi bitero vyo kugerageza gutera misile, kw’itariki zitatu na mirongo ibiri n'umunani z’ukwezi kw’indwi. Ivyo bitero vyateye amakenga amakungu ku bijanye n’uko bishobora gushikira ubutaka bwa Amerika, n’igice kinini c’uburayi.

Iryo tegeko rihagarika urudandaza Koreya ya Ruguru isanzwe ikora mu gisata c’ubutare n’agataka, hamwe n’igisata c’uburovyi.

Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU yatangaje ko Amerika izofata ingingo zo kwikingira no gukingira abo basanzwe bacuditse hamwe, ku bikorwa vya Koreya ya Ruguru avuga ko bitey’amakenga.

Ibihano ONU yafatiye Koreya ya Ruguru, bije vyiyongera ku vyari bihasanzwe, harimwo ibihano vyafatiwe amashirahamwe ane, hamwe n’abanye Koreya ya Ruguru icenda bafatiwe ubutunzi bwabo bakongera bakakwa uburenganzira bwo gufata ingendo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG