Uko wahagera

Arusha: Inyigisho ku Bashingwamanza b'Afurika Baburanira Abatishoboye


Abashingamanza b'Afurika mu nyigisho i Arusha muri Tanzaniya
Abashingamanza b'Afurika mu nyigisho i Arusha muri Tanzaniya

Sentare ya Afrika yubahiriza agateka ka zina muntu iri I Arusha muri Tanzaniya yatanguje uburyo bwo kurondera abashingwamanza baburanira abatishoboye bifuza kuyitura.

Iyo sentare ivuga ko ubwo buryo buzotuma inzirakarengane zahohotewe n’ama Reta zishobora gutunganirizwa. Kuva kuwa kane gushika kuri uyu wa gatandatu, abo bashingwamanza bahawe inyigisho zo kuburanira abo ba ntahonikora.

Abashingwamaza 61 baturuka mu bihugu 25 nibo bahawe izo nyigisho. Ibihugu vya Afrika y’ubuseruko birimwo vyose hakiyongerako n’abaturuka mu Bufaransa, mu Butaliyano hamwe no muri Reta Zunze ubumwe z’Amerika.

Gushika ubu, ibihugu 30 nivyo bimaze gusinya amasezerano yemera iyo sentare. Muri vyo, 7 gusa nivyo vyemerera abanyagihugu bavyo n’amashirahamwe yigenga kwitura iyo sentare ata ntambamyi.

U Rwanda ruheruka kwikura mur’ivyo bihugu vyemerera abanyagihugu kwitura iyo sentare ya Afrika yubahiriza agateka ka zina muntu.

Iyo sentare, Inyuma y’imyaka 10, imaze kwakira imanza 145. Imanza 6 zituruka mu Rwanda mu gihe ata Murundi n'umwe arayitura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG