Uko wahagera

Rwanda: Kagame Yatsindiye Ikiringo Kigira Gatatu


Komisiyo ijejwe gutunganya amatora mu Rwanda yatangaje ko Perezida Paul Kagame yatsindiye gutwara ikiringo kigira gatatu ku ntinzi irenze urugero.

Ku cicaro gikuru c’umugambwe FPR wa Kagame, kur’uyu wa gatanu ibihumbi vy’indongozi z’uwo mugambwe, abayoboke bawo hamwe n’abawufasha m’uburyo bw’amafaranga bararirimvye baratamba mu gihe ibiharuro vy’ivyavuye mu biro vy’amatora bitandukanye vyariko biratanganzwa.

Kagame amaze imyaka 17 k’ubutegetsi. Kamarampaka yo m’umwaka w’2015 yar’igamije kubaza Abanyarwanda ko bipfuza ko ibwirizwa nshingiro rihindurwa yemejwe kuri 98 kw’ijana, ivyatumye Kagame yemererwa kuguma k’ubutegetsi gushika m’umwaka wa 2034.

Kagame avugwa ko yatumye igihugu gitekana inyuma y’ihonyabwoko ryo m’umwaka w’1994.

Abayoboke biwe bamushimira ko yabashikanye kw’iterambere mu kububakira amabarabara, guha Abanyagihugu amazi meza hamwe no kwubaka amashure.

Umukandida Frank Habineza wo mu mugambwe Green Party utavugarumwe n’ubutegetsi yatangarije Ijwi ry’Amerika ko indorerezi z’uwo mugambwe zabujijwe kuja ahabera amatora, ariko ngo inyuma yo kubibwira Komisiyo y’amatora, 95 kw’ijana muri bo baciye bemererwa gucungera ingene amatora agenda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG