Uko wahagera

SIRIYA: Intambara yasubiriye kubandanya mu gisagara ca Homs


Homs province, Syria

Ishirahamwe rikurikiranira hafi intambara muri Siriya rivuga ko amasezerano ya gushira ibigwanisho hasi mu ntara ya Homs hagati mu gihugu yubahirijwe ikiringo c’amasaha 10 yongere irasubira. Inyuma yico kiringo abasirikare ba reta hamwe n’abagwanyi batavuga rumwe nabo basubiriye gutana mumitwe.

Kuri uno musi wa gatanu ivyo biro SOHR bifise icicaro mu bwongereza bigakurikiranira hafi ibibazo muri Siriya, bitangaza ko humvikanye inkoho mu buraruko bw’igisagasra ca Homs ahitwa Farhaniyah, Teir Maalah, Um Sharshuh hamwe na hafi yahitwa al-Houla.

SOHR ivuga kw’abarobeli batanguye kurasa mukigwati ca Hos Tasnin na Javvurn n’utundi turere turimwo abasirikare ba reta mu gisagara ca Homs. Ntibiramenyekana neza abant boba baguye muri iyo ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG