Uko wahagera

Siriya: Agahengwe k'Intambara Kabonetse


Abanyagihugu bo muri Siriya, bariko barasubira mu zabo.

Muri Siriya, mu ntara zimwe zimwe kur’uyu wa kane habaye guhagarika intambara, nkuko vyatangajwe n’abakozi b’amashirahamwe y’abaharanira agateka ka zina muntu. N’agahengwe katanzwe mu ntumbero yo guha akaryo abanyagihugu kugira bashobore gusubira m’ubuzima bwabo bwa minsi yose.

Ishirahamwe ry’abaharanira agateka ka zina muntu muri Siriya, risanzwe rikorera mu gihugu c’Ubwongereza ryemeje ko ako gahengwe kubahirijwe n’impande zose. Abamenyeshamakuru batangaje ko amasoko yasubiye kwugurura, abana bakaba bagendera mu mabarabara y’igisagara ca Homs, ahari hamaze igihe har’ingwano y’urutavanako.

Amashirahamwe y’abagiraneza amenyesha ko ako gahengwe kazofasha kandi gushikiriza imfashanyo abayikeneye.

Mu ndwi iheze, abategetsi mu gisirikare c’Uburusiya, n’abarwanyi bakorera aho muri Siriya niho batunganya ibijanye n’ako gahengwe. Umuvugizi w’igisirikare c’Uburusiya, Igor Konashenkov yatangaje ko akarere kagiye kubonekamwo agahengwe gasanzwe kabamwo abanyagihugu bashika ku bihumbi ijana na mirongo ine n'indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG