Uko wahagera

Paris Saint Germain Yaguze icese Neymar


Umukinyi rurangiranwa Neymar
Umukinyi rurangiranwa Neymar

Umurwi w’umupira w’amaguru wo mu gihugu ca Espagne, Barcelona wemeje ku musi wa gatatu ko wakiye imiliyoni amajana abiri na mirongo ibiri na zibiri y'ama euro yasabwa kugira uwo murwi urekurire umukinyi wawo Neymar kuja gukina mu murwi Paris Saint Germain wo mu gihugu c’Ubufransa.

Umusi umwe inyuma yuko abategetsi b’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Espagne banse kwemera ayo mafranga, umurwi Neymar yakinira, Barcelona wemeje ko waronse ayo mafranga.

Umurwi Barcelona wari washize ingingo mu masezerano wagiranye na Neymar mu mwaka uheze yuko umurwi wose uzorondera kumugura uzotegerezwa kuriha imiliyoni amajana abiri na mirongo ibiri na zibiri y'ama euro kugira ushobore kumuronka.

Vyitezwe ko Neymar azokwerekanwa icese nk’umukinyi w’umurwi Paris Saint Germain mu mpera z’iyi ndwi.

Neymar yari yagiraniye amasezerano y’ugukina mu murwi Barcelona mu mwaka w’i 2013 avuye mu murwi yakinira wa Santos, mu gihugu ciwe c’amavuko ca Brezil.

Neymar abonwa ko ari mu bakinyi bakomeye cane kurusha abandi mu mupira w’amaguru kw’isi muri iki gihe.

Niwe mukinyi aguzwe amafranga menshi cane kurusha abandi bakinyi mu mateka y'umupira w'amaguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG