Uko wahagera

Ihiganwa ryo Gutora ikawa Irusha Izindi Akanovera m’Uburundi


Coffee Award
Coffee Award

Mu gisagara ca Ngozi, harangiye igikorwa co guhonja ikawa kugira batore ikawa ya mbere irusha izindi akanovera mu Burundi. Ikawa yatwaye ikibanza ca mbere ituruka mu ntara ya Kayanza.

Mu gihe uko ikawa igira akanovera ariko iduza agaciro, uwuserukira abarimyi b’ikawa n’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi basavye abanyamitahe muri ico gisata guha ikibanza gikwiye umurimyi.

Ku bagwizatunga b’abanyamahanga bakorera mu gisata c’ikawa bitavye iryo higanwa, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yabasavye gushira imitahe yabo no mu bindi bisata.

Ishirahamwe ry’Abanyamerika ACE (Alliance for Coffee Excellence) niryo ritunganya iryo higanwa bise CUP OF EXCELLENCE mu Burundi.

Coffee Award
Coffee Award

Ntirabampa Joseph aserukira urunani CNAC rihurukiyemwo amashiramwe y’abarimyi b’ikawa mu Burundi, arashima ubucuti bwavutse hagati y’abarimyi b’ikawa n’abakorera muri ico gisata kubera iryo higanwa.

Aranashima ko ubwo bucuti bwatumye bashira inguvu hamwe mu kuronderera akanovera ikawa y’u Burundi. Uwuserukira urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi asaba ko inyungu y’umurimyi yogaragara.

Iyi nkuru tuyikesha umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika I Ngozi m’Uburaruko bw’Uburundi, Jean Bosco Ndarurinze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG