Uko wahagera

Abanyarwanda Baba muri Tanzaniya Batoye Umukuru w'Igihugu Cabo


Arusha
Arusha

Abanyarwanda baba muri Tanzaniya bitavye amatora y’umukuru w’igihugu cabo kuri uyu wa kane.

Kuva isaha imwe y’agatondo gushika isaha icenda z’umugoroba muri Tanzaniya, Abanyarwanda hafi 400 biyandikishije bariko baritaba amatora y’umukuru w’igihugu cabo.

Umwe mu batoreye I Arusha, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ar’akanyamuneza kuri we kubona ahawe ayo mahirwe yo kwitorera uwugiye gutwara igihugu ciwe.

Hari ibiro vy’itora 2 biri I Dar es Salaam ku mugwa mukuru hamwe n’I Arusha. Arusha n'ikibanza kidasanzwe ku Rwanda kuko hahoze hari sentare icira imanza abakoze ihonyabwoko murico gihugu muri 94.

Muri Tanzaniya co kimwe n’ahandi mu mahanga, abakandida bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu ntibahashitse kwiyamamaza. Naho biruko, Daniel Murenzi atwara urunani rw’Abanyarwanda bose baba hanze avuga ko bamenye umwe wese mu bitoza n’imigambi yiwe.

Abanyarwanda baba mu mahanga biyandikishije ngo batore barenga gato ibihumbi 44. Bitegekanijwe ko ibizova mu matora yabo bizogira ahabona rimwe n’ibizova mu matora yo mu gihugu ategekanijwe kuri uyu wa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG