Uko wahagera

Uburusiya Buvuga ko Amerika Yatanguje Intambara y'Ubutunzi


Russia Daily Life
Russia Daily Life

Uburusiya butangaza ko Reta zunze ubumwe z’Amerika zatanguje intambara y’ubutunzi inyuma y’aho perezida Donald Trump kur’uyu wa gatatu yemereje ibihano bishasha kur’ico gihugu.

Umushikiranganji wa mbere w’Uburusiya, Dmitri Medvedev avuga ko Trump yiyerekanye ko ata bushobozi afise, avuga kandi ko bikuyeho icizere c’uko haba inagurwa ry’imigenderanire hagati y'ivyo bihugu bibiri.

Abashingamateka b’Amerika mu ndwi irangiye niho bemeza ivyo bihano bishasha nawe Trump yahisemwo kuvyemeza kuko niyo atari kubikora uko, amategeko aremerera abashingamateka kubishira mu ngiro.

Ivyo bihano bishasha bihana Uburusiya mu gisata cabwo c’amasoko ntanganguvu ku vyagiriji vyuko bivanze mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye mu mwaka w’2016 muri Amerika nuko Uburusiya bwigaruriye intara ya Crimea n’inyifato yaco kuri Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG