Uko wahagera

Igitiri c'Abimukira Binjira muri Amerika Cagabuwemwo Kabiri


Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeje ingingo ijanye no kugabanya cane igitigiri c’abimikura bemerewe kwakirwa muri Amerika bafise ubumenyi buke. Yongeye kandi ashiraho uburyo bwo kurabirako amanota yemewe, ku bijanye n’abimukira bemererwe kwakirwa na Amerika.

Iryo tegeko ryitiriwe gukomeza ubutunzi bwa Amerika m’ugusubiramwo itegeko rijanye no kwakira abimukira, rigabanya igitigiri co gutanga impapuro zo kuba muri Amerika, carte verte, gushika ku bihumbi amajana atanu k’umwaka. Gushik’ubu ico gitigiri kikaba cari k’umuliyoni.

Prezida Trump yatangaje ko anezerejwe n’iryo tegeko, bivuye ko ari kimwe muvyo yaseranye mu gihe c’imyiyamamazo.

Tom Cotton, Umukenguzamateka w’Umurepublikani, muri Reta ya Arkansas, ari mu bashigikiye iryo tegeko, avuga ko igitigiri kinini c’abimukira binjiye muri Amerika, catumye imishahara y’abakozi b’abanyamerika igabanuka. Ni mu gihe bamwe mu bakenguzamateka, bavuga ko mu gihe iyo ngingo yocika itegeko, vyogirira ingaruka mbi ubutunzi bw’ama Reta baserukira, bivuye ko ayo ma Reta asanzwe afashwa n’abo bimukira m’ukuduza umwimbu wayo.

Mw’itangazo ryasohowe n’umukuru w’Umurwi ujejwe agateka ka zina muntu, Vanita Gupta, avuga ko kugabanya igitigiri c’abimukira binjira muri Amerika binyuranye n’ingingo ngenderwako z’Igihugu, akavuga ko Amerika ar’Igihugu c’abimukira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG