Uko wahagera

Umurwi Boko Haram Wishe Abantu batatu muri Nijeriya


Intagondwa z’abayislamu b’umurwi Boko Haram zishe abizicizi b’ibiti mu gice kiri mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nijeriya, mu ntara ya Borno.

Ivyo vyatangajwe uno musi ku wa gatatu, n’abarwanyi bo mur’ ako karere bafasha igisirikare ca Nijeriya kurwanya Boko Haram.

Ibrahim Liman aba mu mu gisagara ca Maiduguri, umurwa mukuru w’intara ya Borno, avuga kw’ibiziga bigaragaza kw’abo bicizi b’ibiti batatu, bari baciwe imitwe. Ivyo biziga vyatowe mu mfuruka y’ ibarabara ku musi wa mbere. Atangaza kandi ko guca imitwe abantu biri mu biranga ubwicanyi bukorwa n’umurwi Boko Haram.

Abarwanyi b’umurwi Boko Haram bahiga abicizi b’ibiti, babagiriza ko basuma urusaku kuribo, maze bagaca baha amakuru abasirikare ba Reta.

Mu kwezi kwa kane, abicizi b’ibiti umunani barishwe, ibiziga vyabo biraturirwa n’intagondwa z’umurwi Boko Haram mu mihana y’ahitwa Kayamla, ku birometero cumi vy’igisagara ca Maiduguri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG