Uko wahagera

Ambasade y'Amerika i Moscou Yubahirije Ingingo y'Uburusiya


Ambasade y'Amerika i Moscou m'Uburusiya
Ambasade y'Amerika i Moscou m'Uburusiya

Ambasade ya Reta zunze ubumwe z’Amerika I Moscou m’Uburusiya kur’uyu wa kabiri yaravuye mu nyubakwa zibiri yahoramwo ziri mu micungararo y’uyo murwa mukuru. Ni mu nyuma y’aho Uburusiya bufatiye iyo ngingo yihora Amerika ku bihano bishasha iheruka gufatira ico gihugu.

Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’amakungu yatangaje k’umusi wa gatanu ko kuva kw'itariki ya mbere z’ukwezi kwa munani ambasade y’Amerika itazosubira gukoresha inyubakwa n’ububiko biri mu micungararo y’I Moscou.

Ubuserukizi bw'Amerika I Moscou bwubahirije iyo ngingo, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi wabwo Maria Olson.

Iyo ngingo y’Uburusiya irimwo nuko kuva kw’itariki ya mbere z’ukwezi kw’icenda kuza, ambasade y’Amerika m’Uburusiya yategetswe kuzoba yagabanije abakozi bayo bashika 755 ku gitigiri ca 445.

Iyo ngingo ije yihora iyafashwe na Amerika nayo yugaye inyubakwa zibiri z’Uburusiya ziri mu gisagara ca New York no muri reta ya Maryland inyuma y’ibirego bivuga ko Uburusiya bwagize uruhara mu kwivanga mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG