Igice c’ibohero rikuru ryo mu gisagara ca Goma, umurwa mukuru w’intara ya Kivu y’uburaruko muri Republika iharanira demokararsi ya Kongo carahiye, nkuko bishikirizwa n’abetegetsi b’iryo bohero.
Amakuru atangwa n’umwe mu bakozi baryo atashimye ko izina ryiwe rija ahabona avuga ko intandaro y’uwo muriro vyavuye k'urwaruka rufungiwemwo rwaturiye ama matela baryamako kw’ishavu ry’uko bari bamaze imisi itatu badahabwa ibifungurwa.
Umukuru w’iryo bohero, Patrick Mukendi avuga ko amatohoza yatanguye ariko yirinda kuvuga intandaro y’uwo muriro.
Amabohero yo muri Kongo muri rusangi arimwo imbohe z’umurengera, ntatunganijwe neza kandi abanyororo babeshejweho n’imfungurwa bahabwa n’imiryango yabo.
M’ukwezi kwa gatanu, amabohero, ibiro vy’igiporisi vyaratewe mugihe ico gihugu kiri mubihe vy’uruhagarara rwa poritike, vyavyuwe nuko Perezida Joseph Kabila yanse kuva k’ubutegetsi inyuma y'aho ikiringo ciwe ca nyuma carangiye kw’itariki ya 20 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2016.
Imbohe ziharurwa mu majana zaratorotse inyuma y’ibitero ku mabohero yo k’umurwa mukuru Kinshasa no muri Béni, mu ntara ya Kivu y’uburaruko.
Facebook Forum