Uko wahagera

Venezuela Yafunze Abanyapolitiki Babiri


Abategetsi babiri batavuga rumwe na reta ya Venezuela barongoye abandi, bahagaritswe n’abajejwe umutekano, bafatiwe imuhira iwabo.

Ihagarikwa ryabo ribaye haheze imisi ibiri habaye amatora y’inama nshingamateka, yabayemwo amahinyu menshi, bafise umugambi wo gusubiramwo ibwirizwa shingiro.

Imiryango ya Leopold Lopez na Antonio Ledezma ivuga kw’abo bagabo babiri batwawe mu mutwenzi wo kur’uyu musi wa kabiri n’abapolisi ba Venezuela bo mu biro vy’iperereza.

Imiryango y’abo bagabo babiri, yashize amasanamu ya videwo ku kibanza candikirwako amakuru Twitter, yerekana abo bagabo bacambaye impuzu zo kuryamana.

Abo bagabo bose bari bashize ku bibanza bitandukanye amasanamu ya video atera akamo abanywanyi babo kabasaba kutitaba ayo matora yabaye ku musi wa mungu.

Lopez na Ledezma, bose bigeze kuba abakuru b’umurwa mukuru w’igihugu ca Venezuela, bahora bapfunzwe icamaso kubera ivyaha bitandatukanye.

Ihagarikwa ryabo ribaye inyuma y’aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangarije ko zifatiye ibihano Perezida wa Venezuela Maduro, kubera amatora y’abashingamateka ateye kubiri n’amategeko, bafise umugambi wo guhindura ibwirizwa shingiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG