Uko wahagera

Umutegetsi wo mu bushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe kwivuna abansi yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika, kw’umukuru w’umurwi w’abarwanyi Al- Shabab ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya Mogadishu yashwe n’igisasu carashwe n’indege za Amerika.

Ali Mohamed Hussein azwi kandi ku ritazirano Ali Jabal, yar’azwi cane kubera yari yarategetse abagwizatungo bose bo mu gisagara ca Mogdishu guha intererano abagwanyi bo mur’uyo murwi.

Itangazo ryashikirijwe n’ibiro bikuru vya gisirikare vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu ntara ya Afrika kur’ico gitero, rivuga kw’ico gitero c’indege cakozwe ku musi wa gatandatu ku mugoroba, mu masaha yo muri Amerika. Iryo tangazo rivuga kw’ata musivile yaguye mur’ico gitero.

Umushikiranganji wa Somaliya ajejwe gutangaza amakuru, Abdurahaman Omar Osman, yabwiye Ijwi rya Amerika ko Perezida Mohamed Abdullah Mohamed yahaye uburenganzira ibihugu vyo mu mahanga bicuditse n’igihugu ce bwo gukora ico gitero kw’igenekerezo rya 30 ry’ukwzi kw’indwi. Ico gihe ni naho umukuru w’umurwi Al-Shabab yagirizwa ibitero vy’amabombe vyahitanye ubuzima bw’abantu batari bake ku murwa mukuru Mogadisho, yicwa.

Uyo mugabo yiciwe mu gisagara ca Tortoroow, gicumbitswemwo n’umuhari Al-Shabab, mu ntara ya Shabelle, iri mu bumanuko bwa Somaliya.

Perezida Donald Trump mu ntango z’iyi ndwi, niho yatanga uburenganzira bwo gukora ibitero ku murwi Al-Shabab, birimwo ibitero vy’indege bikokorwa mu bice bitandukanye vyo mu bumanuko bw’igihugu ca Somaliya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG