Uko wahagera

Amerika Iragabisha ko Yiteguye ku Bitero vya Koreya ya Ruguru


Indege z'ingwano za Amerika hejuru y'akarere ka Koreya
Indege z'ingwano za Amerika hejuru y'akarere ka Koreya

Abategetsi ba Reta Zunze Ubunze Ubumwe za Amerika batangaje kur’uyu w’Imana ko igihe co kuvuga ku ngaruka z’imigenderanire ku bijanye n’ibitero vyo kugerageza misile, bikorwa na Koreya ya Ruguru, caheze. Abo bategetsi bavuga ko bigaragara ko Koreya ya Ruguru ibangamiye amahoro kw’isi.

Kur’uyu w’Imana, indege z’ingwano za Amerika zagendeye mu kirere, hejuru y’akarere ka Koreya, mu ntumbero yo kwerekana inguvu za gisirikare. Mike Pence, icegera ca Prezida Donald Trump, yatangaje ko Amerika yiteguye m’uburyo bwose ku bijanye n’ibitero vya misile bikorwa na Koreya ya Ruguru.

Nikki Halley, aserukira Amerika muri ONU yatangaje ko Ubushinwa buzi neza ko butegerezwa gufatira ingingo Koreya ya Ruguru, co kimwe n’Ubuyapani na Koreya y’Epfo ko navyo nyene bitegerezwa kwongerereza inguvu mu guhagarika umugambi wa Koreya ya Ruguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG