Uko wahagera

Uburusiya Bwirukanye Abakozi 755 Bakorera Ambassade ya Amerika


Ibiro vy'uwuserukira Amerika m'Uburusiya.
Ibiro vy'uwuserukira Amerika m'Uburusiya.

Prezida Vladimir Poutine w’Uburusiya yatangaje ko abakozi bakorera ibiro biserukira Reta Zunze Ubumwe m’Uburusiya, bashika ku majana indwi na mirongo itanu na batanu bategerezwa kuva k’ubutaka bw’Uburusiya, kubera ibihano Amerika iheruka gufatira Uburusiya. Ivyo bihano vyafatiwe Uburusiya bivuye ko Amerika ibwagiriza ko bwivanze mu matora y’Umukuru w’Igihugu yabaye m’umwaka uheze, mu ntumbero yo gufasha Prezida Donald Trump kugira atsinde ayo matora.

Prezida Putine yavugiye kuri televiziyo y’Uburusiya, ko ivyo biro vy’uwuserukira Amerika m’Uburusiya bikoreramwo abantu barenga ku gihumbi, yamara ko ico gitiri c’abashika ku majana indwi na mirongo itanu na batanu bategerezwa guhagarika ibikorwa vyabo, mur’ico gihugu.

Prezida Poutine yavuze kandi ko Uburusiya bushobora kuzofatira izindi ngingo Amerika, bivuye ku ngingo zafashwe n’inama nshingamateka, zijanye no gufatira ibindi bihano Uburusiya, yamara ko mur’uno mwanya atavyo yemera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG