Uko wahagera

Trump Azemeza Ibihano Bishasha k'Uburusiya


 Ambasade ya Reta zunze ubumwe z'Amerika i Moscou m'Uburusiya
Ambasade ya Reta zunze ubumwe z'Amerika i Moscou m'Uburusiya

Perezida Donald Trump yemeza ko azosinya iyemezwa ry’ibihano bishasha k’Uburusiya, nkuko vyashikirijwe n’ibiro vyiwe kur’uyu wa gatanu.

Ivyo bikuye amakenga y’abakurikiranira hafi politike y’Amerika bari bafise ko atashobora kuvyemeza mu gihe kuva agishikira amabanga yamye avuga ko azogerageza gutezurira ibihano Amerika yafatiye Uburusiya.

Uburusiya Bwihoye Bufatira Inyubako za Amerika i Moscou

Kuri uno musi wa gatanu, nyene Uburusiya mukwihora, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’amakungu bw'Uburusiya buvuga kw’ivyo bihano vyerekana agasomborotso kadasanzwe kagigwa na Amerika mubijanye n’imigenderanire mpuzamakungu.

Ubwo bushikiranganji bwaciye bufata ingingo yo kunganisha ibitigiri vy’intumwa z'Amerika i Moscow, kingana n’igitigiri c’intumwa z’Uburusiya kiri muri Amerika. Uburusiya buvuga ko abakozi ba ambasade ya Amerika batazorenga 455 kandi kw’igikorwa co kubagabanya kitorenga uku ukwezi kwa munani kuza.

Ikindi Uburusiya bwongeyeko kuri iryo gabanwa ry’abadiplomate, n’uko ambassade ya Amerika itacemerewe gukoresha ububiko yari isanzwe ikoresha i Moscow canke ngo ikoreshe inyubakwa yayo y’akaruhuko iherereye ahitwa Serebryany Bo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG