Uko wahagera

Trump Yasubirije Umunyamabanga Mukuru Wiwe


John F. Kelly, sekreteri ajejwe umutekano mugihugu yagenwe kuba umunyamabanga mukuru wa Perezida
John F. Kelly, sekreteri ajejwe umutekano mugihugu yagenwe kuba umunyamabanga mukuru wa Perezida

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump kur’uyu wa gatanu yaragenye John Kelly yar’asanzwe ar’umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu mu gihugu mu kibanza c’umunyamabanga mukuru mu biro vya Perezida.

Kelly asubiriye Reince Priebus avuga ko yatanze imihoho mur’ico kibanza kur’uyu wa gatanu nyene.

Perezida Trump yatangaje iryo gena inyuma y’icuka kibi cari hagati ya Priebus na Anthony Scaramucci aheruka kugenwa ngo abe umuyobozi ajejwe ivyo kumenyesha amakuru mu biro vya White House.

Agize umutegetsi akomeye mu biro vy’umukuru w’igihugu avuye mu mabanga yiwe mu kiringo kirenga gato amezi atandatu kuva Trump ashikiriye ubutegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG