Uko wahagera

Tanzania Airlines Igiye Gukorera mu Burundi


Ikivuko ca Dar es Salaam muri Tanzaniya
Ikivuko ca Dar es Salaam muri Tanzaniya

Isosiyete y’indege yo mu gihugu ca Tanzaniya igiye gutangura gukorera ingendo zayo mu Burundi.

Umuyobozi mukuru ajejwe ivyerekeye indege za Reta n’ibirere yabwiye ikinyamakuru ca Reta ko guhera mu ntango z’ukwezi kuza kw’umunani, indege yamberey’igihugu ca Tanzaniya izotangura kugira ingendo i Bujumbura mu Burundi. Ladislas Matinde avuga ko uwo murongo Dar es salaam-Bujumbura ari akaryo keza ko kungura ubutunzi.

Yavuze ko iyo indege izokura abantu I Bujumbura ibajana muri Tanzaniya canke mbere n’abagiye mu bindi bihugu cane cane vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko.

Uwo muhora mushasha utangajwe mu gihe haheze iminsi mike umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza agendeye mugenzi we wa Tanzaniya John Pombe Magufuli. Mu vyo baganiriye harimwo ivyerekeye gushira inguvu mubudandaji buhuza ivyo bihugu bibiri.

Kompanyi y’indege ya Tanzaniya izotangurira izo ngendo mu ntara ya Kigoma ihana urubibe n’Uburundi mu bumanuko. Izokorana n’izindi kompanyi z’indege nka Kenya Airways, Ethiopian Airlines na Brussels Airlines.

Gushika ubu, Abarundi canke Abanyamahanga benshi bifuza kuva I Bujumbura baja I Dar es Salaam canke mubindi bisagara bafata ingendo n’imodokari. Urugendo rwatwara n’imiburiburi imisi ibiri. Abenshi bakunze gufata urwo rugendo n’abadandaza baba bagiye gutora ibindi ku kivuko c’i Dar es Salaam bivuye hanze ya Afurika kuko ico kivuko gikora kw’ibahari y'Abahindi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG