Uko wahagera

TURKIYA: Abantu Bane Barasize Ubuzima Mw'isanganya Ry'Ubwato


FILE - volunteers help migrants and refugees on a dingy as they arrive at the shore of the northeastern Greek island of Lesbos, after crossing the Aegean sea from Turkey.
FILE - volunteers help migrants and refugees on a dingy as they arrive at the shore of the northeastern Greek island of Lesbos, after crossing the Aegean sea from Turkey.

Abana batanu n’abagore babiri baraye bitavye umuremyi inyuma y'aho ubwato barimwo bwibiriye. Ubwo bwato bwari butwaye impunzi kw’izinga ry’igihugu c’Ubugiriki, bwibirira hafi y’ikivuko c’igihugu kibanyi ca Turkiya.

Ikinyamakuru ca reta ya Turkiya Anadolu, gitangaza kw' abasirikare bacungera inkengera y’amazi bavuze kw’ ubwo bwato bwibiye hafi y’ahitwa Cesme mu ntara ya Izmir.

Abandi bantu umunani harimwo abanya Iraki bane, abanya Somaliya batatu n’abanya Siriya babiri, baratabawe. Ariko, hari uwundi muntu umwe atazwi irengero ryiwe.

Ico kinyamakuru Anadolu kivuga kw’igipolsi kiriko kirarondera umwe mu bagabo bagira urudandazwa rw’abantu rutemewe n’amategeko, yahunze ubwo bwato, aho butanguriye kwibira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG