Uko wahagera

Nijeriya: Abasirikare 9 Baraguye mu Mutego wa Boko Haram


Muri Nijeriya, abarwanyi bakekwa kuba abo mu muhari w’iterabwoba wa Boko Haram kur’uyu wa gatatu barateze umutego imiduga ikorera ishirahamwe ryimbura ibitoro bica abantu bashika 10, barimwo abasirikare 9 bongera bagira imbohe abatari bake, ariko mu nyuma bahavuye babarekura.

Iryo shirahamwe ryegukira reta ya Nijeriya, National Petroleum Corporation niryo ricungera ibigega vy’ibitoro bikikuje ikiyaga Chad, ahama habangamiwe n’ibitero vya Boko Haram.

Hambavu y’aho, k’umurwa mukuru Lagos inyubakwa y’amagorofa ane yarasenyutse ihitana abantu umunani. Ivyo vyabaye inyuma y’imvura nyinshi yaguye mur’ico gisagara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG