Uko wahagera

Uburusiya Buragabisha Amerika ku BIhano Yabufatiye.


Icegera c’umushikiranganji w’igihugu c’Uburusiya ajejwe imigenderanire Serge Ryabkov yatangaje ko Uburusiya bushobora guca gisubiriza mu nkoko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, inyuma y’ibihano bishasha bifatiwe ico gihugu. Impamvu ni kubera cisutse mu matora y’umukuru w’igihugu ya Amerika mu mwaka uheze.

Abashingamateka bo muri Amerika, ejo ku musi wa kabiri, baremeje itegeko riha abashingamateka ubutegetsi busumbirije, bwo kugenduza ububasha bwa Perezida Trump bwo kworosha ibihano vyafatiwe igihugu c’Uburusiya.

Nk’uko ikinyamakuru ca reta y’Uburusiya cabitangaje, Ryabkov yagabishije avuga kw’ivyo bihano bishasha bizotosekeza imigenderanire y’ivyo bihugu yariko iranaguka.

Yongeye aratangaza kw’igihugu c’Uburusiya cari camaze kugabisha reta ya Perezida Trump ko kizoca gisubiriza mu nkoko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ngo mu gihe abashingamateka bokwemeza iyo nteguro y’amategeko yerekeye ibihano bifatirwa Uburusiya.

Integuro y’iryo tegeko rifatira ibihano igihugu c’Uburusiya yemejwe n’amajwi 419 ku majwi atatu atayishigikiye, irimwo kandi ibihano vyafatiwe igihgu ca Irani, hamwe n’igihugu ca Koreya ya ruguru

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG