Jared Kushner, umukwe wa perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump akongera akaba ar’umuhanuzi mukuru wiwe, yishuye mu mwiherero uno musi ku wa kabiri ibibazo vy’umurwi ujejwe ibibazo bijanye n’iperereza mu nama nshingamateka.
Ivyo biri mw’itohoza ku vyuko nimba Uburusiya bwarivanze mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Amerika mu mwaka uheze.
Igihe yinjira mu kibanza yabarizwamwo ivyo bibazo, Kushner yariko amwenyura, yamara ntayavuganye n’abamenyeshamakuru.
Yarishuye ku musi wa mbere ibibazo vy’abagize aumurwi w’inama nkenguzamateka ujejwe ibibazo bijanye n’iperereza mu mwiherero.
Yarahakanye ku mugaragaro ko we canke uwundi uwariwe wese yari mu bajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ca Trump yoba yaravuganye n’abaserukira Uburusiya mu buryo ubwaribwo bwose budatumbereye. Ivyo haba imbere canke inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze.
Perezida Trump yakoresheje urubuga Twitter, uno musi ku wa kabiri, kugira yerekane kw’ashimishijwe n’ivyo Jared Kushner yashikirije ku musi wa mbere.
Facebook Forum