Uko wahagera

Depite Yagirijwe Kwita Perezida Magufuli Umunyagitugu 


Depite Tundu Lissu
Depite Tundu Lissu

Tundu Lissu, umushingamateka akomeye atavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Tanzaniya, yagirijwe ko yakoresheje amajambo yerekana urwanko afitiye Perezida John Magufuli mu kumwita kw’ari umutegetsi atwaza agahotoro.

Tundu Lissu ayoboye abatavuga rumwe na Reta mu nama nshingamateka, akaba ayoboye urwego rw’abashingwamanza muri Tanzaniya, yahagaritswe mu ndwi iheze. Ivyo inyuma yuko ahaye ikiganiro abamenyeshamakuru anebagura Perezida Magufuli yongera aridoga ku bwoba buri mu gihugu cose.

Inyuma yuko yitavye sentare ku musi wa mbere, Lissu yasubijwe mu munyororo imbere yuko hafatwa ingingo ku musi wa kane ku vyo yasavye vy’ukurekurwa atanze ingwati. Lissu yagirizwa ko yakoresheje amajambo ashobora gutera urwanko rufatiye ku bwoko.

Lissu yari aherekejwe n’abashingwamanza bagera kuri mirongo ibiri, yarahakanye ivyaha yagirizwa igihe yaseruka muri sentare ku musi wa mbere.

Ivyatangajwe na Tundu Lissu n’ipfungwa ryiwe bibaye mu gihe umwuka mubi utera wiyongera ku buyobozi bukoresha igikenye bwa Perezida Magufuli

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG